Mpejeje Kwakira Yesu nkâUmwami nâUmukizaâcangira iki ?
Ikibazo Mpejeje Kwakira Yesu nkâUmwami nâUmukizaâcangira iki ? Inyishu Imana Ishimwe! Uhejeje gufata ingingo igiye guhindura ubuzima bwawe! Ngira ubu uriko uribaza, None ca nkora iki ? Mbe ntangura gute urwo rugendo hamwe nâImana ? Aha munsi, uraza kubona impanuro z âivuye muri bibiriya twatanze zerekana ivyo utegerezwa kugira (nâizitanu). Hariho ibindi bibazo wumva ushaka…
Mpejeje Kwakira Yesu nkâUmwami nâUmukizaâcangira iki ?
Imana Ishimwe! Uhejeje gufata ingingo igiye guhindura ubuzima bwawe! Ngira ubu uriko uribaza, None ca nkora iki ? Mbe ntangura gute urwo rugendo hamwe nâImana ? Aha munsi, uraza kubona impanuro z âivuye muri bibiriya twatanze zerekana ivyo utegerezwa kugira (nâizitanu). Hariho ibindi bibazo wumva ushaka kubaza, nuje kuri: [www.GotQuestions.org/Kirundi].
1. Utegerezwa kwâumva ico kuronka agakiza bisigura
1Yohana 5 :13 baratubwira : â Ivyo ndabibandikiye mwebge mwizeye izina ryâumwana wâImana, kugira mumenye yuko mu fise ubugingo budashira. â Imana irashaka ko dutahura yuko dufise ubugingo budashira. Irashaka ko turonka umwidegemvyo kandi tumenya ko twakijijwe (canke ko yadukijije urupfu, umuriro udahera, nâivyaha). Mu ntangamarara reka dusubiremwo ibice bikomeye :
(a) Twese turabacumuzi. Kandi twese turamaze gumura ku Mana. (Abaroma 3 :23)
(b) Kubgivyo, gutandukana nâImana Ibihe bidashira, nico gihano dukwiye.(Abaroma 6 :23)
(c) Yesu yabambwe kâumusaraba kubwâivyaha vyacu (Abaroma 5 :8, 2 AbâIkorinto 5 :21). Yafashe ikibanza cacu, nâigihano twebge twari dukwiye kuronka. Ukuzuka kwiwe kwemeje yuko urupfu rwiwe rwahanaguye ivyaha vyacu.
(d) Imana iratanga Imbabazi nâugukizwa kuri abo bose bashira ukwizera kwabo muri Yesu- bakemera ko ugupfa kwiwe kwari ingero twebge twari dukwiye kuriha kubera ivyaha vyacu (Yohana 3 :16 ; Abaroma 5 :1 ; Abaroma 8 :1)
Iyi ni yo Nkuru Nziza, inkuru yâagakiza turonka muri Kristo Yesu ! Niyaba washize ukwizera kwawe muri Kristo nkâUmwami nâUmukiza , Waronse Agakize- uri mu muryango wa ba kijijwe ! Ivyaha vyawe vyose vyahanaguwe, kandi Imana yasezeranye ko itazokwigera iguheba canke iguta (Abaroma 8 :38-39, Matayo 28 :20). Wibuke ko agakiza kawe gahagaze neza kuri Yesu Kristo (Yohana 10 : 28-29). Niyaba wizeye muri Yesu (wenyene) Nkâ Umukiza, urashobora kuronka umwidegemvyo yuko uzomara ibihe bidashira mwâijuru Hamwe nâImana !
2. Rondera ishengero ryiza aho bigisha bibiriya
Ntiwiyumvero ishengero ko ari inzu abantu bakoraniramwo. Ishengero nâabantu. Birakenewe cane yuko abemera Yesu Kristo bakoranira hamwe kugira ba muhimbaze. Ico ni co gituma gikuru gituma ishengero ribaho. Ubu rero ko wakiriye Yesu nkâUmwami nâUmukiza wawe, turagusaba urondere ishengero ryemera kandi ryigisha bibiriya impande yaho uba ; kandi bishobotse muvugane nâumwungere waho, ari we pasitori. Mubwire yuko uheruka kuronka agakiza, umwiganire nâuko vyagenze.
Ica kabiri ishengero ryâImana rijejwe nâukwigisha Ijambo ryâImana- Bibiriya. Urashobora gutahura ingene ukurikiza impanuro zâImana mu buzima bwawe. Gutahura Bibiriya ni vyo nyene ukeneye kugira ushobore kubaho ubuzima bwâumu Kristo wâukuri ahimbaye. 2 Timoteyo 3 :16-17 havuga ngo âIvyanditswe vyose vyahumetswe nâImana , kandi bigira Ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka : kugira ngâumuntu wâImana abe ashitse, afise ibimukwiye vyose, ngwâakore igikorwa ciza cose. â
Ica gatatu, Ishengero ryâImana ritegerejwe gukora nâugutazira Imana ; kuyihimbaza. Guhimbaza Imana nâuku yishimira kuvyo yagukoreye vyose ! Imana yaradukijije. Imana iradukunda. Imana iraduha vyose, kandi ikaturongora mu nzira dutegerezwa gufata. Vyogenda gute ngo ntituyishimire ? Imana irera, iragororotse, irakundana, ifise imbabazi, nâubuntu bwinshi. Muvyahishuriwe Yohani 4 :11, bavuga ngo â Birakubereye guhabga uguhimbazwa nâicubahiro nâububasha, kwari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kandâ icatumye biremwa, nâuko wabigomvye â
3. Fata akanya, iminsi yose, mu bonane nâImana
Birakenewe ko twese dufata akanya iminsi yose kugira tubonane nâImana. Benshi ba vyita mu congereza â quiet time â canke â devotion â kubera nâ akanya umuntu yâihebera Imana. Bamwe bafata ako kanya mu gatondo abandi mwâijoro. Muga ntaco bivuze izina uvyita canke isaha ubikorerako, gikuru nâuku umuntu abigira iminsi yose. None dukora iki muri uwo mubonano nâImana ?
(a) Turasenga. Gusenga nu kuvugana nâImana. Bwira Imana ingorane zawe ni bikugoye. Saba Imana iguhe ubumenyi nâubwitonzi- nâibindi ubona yuko ukeneye. Bwira Imana ingene uyikunda kandi uyishimira kuri vyose igukorera. Ivyo ni vyo bita gusenga.
(b) Soma Bibiriya. Nivyo mwâishengero turigishwa Bibiriya ariko na twebge dutegerezwa gusoma bibiriya ukwacu. Bibiriya irimwo vyose utegerezwa kumenya kugira ubeho ubuzima bwâumu Kristo ahimbaye imbere yâImana. Bibiriya irimwo Impanuro zâUhoraho zigufasha : gufata ingingo zo, kugendera mu bugombe Bwiwe, no gukura mu gakiza. Bibiriya ni Jambo Imana yaduhaye. Bibiriya ni igitabo Imana yashize hamwe kugira dukurikize tukiri kuri ino si, kugira dushobore kubaho ubuzima bunezerezeye imbere yayo.
4. Gendana nâabazi Imana nkawe, bashobora kugufasha.
1 AbâIkorinto 15 :33 haravuga : â Ntimuzimire : Kubana nâababi kwonona ingeso nziza.â Bibiriya iratuburira kubijanye no kugendana nâabatazi Imana. Kubera bagendera mu vyaha, bishobora kudutuma natwe tubirwamwo. Ingeso yabari iruhande yacu iradukurikirana, tugasanga dusigaye twifata nkabo. Nico gituma ari vyiza kugumana nâabazi Imana kandi bayikunda nkawe.
Gerageza urondere umugenzi umwe canke babiri (nkabo musengera hamwe) kugira bashobore kugufasha canke kugutera intege bikenewe (Abaheburayo 3 :13,10 :24). Saba abo bagenzi bawe bazohore bakwibutsa kandi baraba (mu rukundo) yuko ugendana nâImana usenga kandi ufata ka kanya imisi yose. Basabe nawe uzohore abagenzura ubarabire ko ivyavo navyo bigenda neza. Ibi ntibisigura yuko utegerezwa guheba abagenzi bawe bose batazi Yesu nkâUmwami nâUmukiza wabo. Mu bandanya muri abagenzi kandi ubandanya ubakunda ; ariko batahuze yuko Yesu yahinduye ubuzima bwawe kandi yuko udoshobora kubandanya wigenza nkuko wahora ubigira utaramumenya. Saba Imana ikwugururire umuryango kugira nabo uba bwire Ubutumwa bwiza.
5. Kubatizwa
Abantu benshi nti baratahura neza ico kubatizwa bisigura. Ijambo â kubatiza â risigura kwinjiza canke gushira mu mazi. Kubatizwa, nâukugaragaza imbere yâabantu nâImana yuko wakiriye Yesu nkâUmwami nâUmukiza wawe kandi yuko ugiye kumu kurikira. Igikorwa co kwinjiza mu mazi umuntu gishushanya uguhambwa na Kristo. Kuva mu mazi naho, bikerekana izuka ryiwe. Kubatizwa nâukwishushanya nâurupfu rwa Kristo, uguhambwa no kuzuka kwiwe.
Kubatizwa ntibitanga agakiza kandi ntibidukurako ivyaha vyacu. Mu majambo make, Ukubatizwa nâ ugutora kwâubaha Imana kandi no kubigaragaza imbere yâabantu. Nâiyaba wumva wifuza (cankeukabona ugeze) kubatizwa, uzoce ubivugana nâumwungere wawe.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mpejeje Kwakira Yesu nkâUmwami nâUmukizaâcangira iki ?